BBC: Tora umukinnyi yarushije abandi

BBC: Gutora umukinnyi wa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption BBC: Gutora umukinnyi wa mbere

Kuva kw'itariki ya 18 z'ukwa 11 kugeza kw'itariki ya 9 z'ukwa 12 mu 2011, BBC yatangije irushanwa ryo gutora umukinnyi wa mbere witwaye neza mu mupira w'amaguru ku mugabane w'Afrika muri uyu mwaka.

Mu bakinnyi batanu, BBC yatoranyije, abakunzi ba BBC bagomba kwihitiramo umwe uzahabwa ako gashimwe.

Muribo hari abatsindiye ibikombe 4 bya Championa, ibikombe 13 bikinirwa iwabo, n'ibikombe 7 by'irushanwa mpuzamahanga. Ariko rero, ubu, umwe wenyine niwe uza umukinnyi wa mbere w'umunyafurika mu mupira w'amaguru watowe na BBC.

Abo nabo ni: Dede Ayu, Samuel Eto'o, Govinyo, Seydou Keita na Yaya Toure. Torera ku rubuga rwa internet bbc.com/africanfootball.

Ninde uzatsindira agahembo BBC izaha umukinnyi wa mbere muri Afrika muri uyu mwaka w'i 2011. Nimwe mubyemeza. KUGIRANGO UTORE KANDA HANO