UEFA yagabanirije igihano wayne Rooney

Wayne Rooney ahabwa ikarata itukura Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Wayne Rooney ahabwa ikarata itukura

UEFA yari yategetse ko umukinyi w'imbere wa equipe y'Ubwongereza Wayne Rooney, yicarikwa mu nkino zitatu, kubera yari yateze umukinyi wa Montenegro Miodrag Dzudovic.

Ico gihano cagabanijwe. Wayne Rooney akaba azokwicarikwa mu nkino zibiri gusa.

Ivyo bizotuma n'imiburiburi Rooney ashobora gukina mu mukino wa nyuma w'itsinda ririmwo Ubwongereza, zo guhiganirwa igikombe c'umugabane wa Bulaya, aho gusiba inkino zose.