Nicolas Anelka azoja gukina mu Bushinwa

Nicolas Anelka n'umuyobozi wa Shangai Shenua, Zhou Jun Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nicolas Anelka n'umuyobozi wa Shangai Shenua, Zhou Jun

Umukinyi w'imbere, Nicolas Anelka, azoja gukinira umugwi Shangai Shenua wo mu Bushinwa ku masezerano y'imyaka ibiri yumvikanyweko na Chelsea yakinira.

Uwo mukinyi w'imyaka 32 yaje muri Chelsea azanywe n'umumenyereza Avram Grant mu kwa mbere 2008, akaba yarinjije ibitsindo 59 mu nkino 185 yakiniye Chelsea y'i Londres.

Amasezerano yagiranye na Chelsea azohera ikiringo mu ci riza, akaba yemerewe guhindura umugwi mu ndwi iheze.

Umugwi Shenua umaze gushira ifoto ya Anelka ku rubuga rwawo rwa internet.

Anelka yagiye muri Chelsea ku mahera imiriyoni 15 z'amongereza avuye mu mugwi Bolton, yagumye yimenyereza atari kumwe n'umugwi wa mbere kuva aho umumenyereza Andre Villas-Boas yemereye ko ashobora kugenda.

Uwo mukinyi w'Umufaransa amaze gutsinda rimwe gusa mu mikino 15 y'uno mwaka, abakinyi b'imbere Didier Drogba, Daniel Sturridge na Fernando Torres akaba aribo bashimwa gukinishwa.