Ghana yemera ko yabandanije ku gihamana

Umukinyi wa Ghana, Dede Ayew Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukinyi wa Ghana, Dede Ayew

Ghana yemeza ko yabandanije mu ca kabiri c'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika c'umupira w'amaguru ku gihamana nyuma yo guhabwa amahirwe na Tunisia mu ca kane c'ihiganwa.

Iyo migwi yaranganya mu gihe c'umwanya wongeweko mu rukino rw'ejo kuwa Mungu, igihe umunyegoli wa Tunisia Aymen Mahtlouthi yarekura umupira Andre Dede Ayew agaca yinjiza.

Umukinyi w'imbere wa Ghana, Asamoah Gyan yavuze ati: "Nibaza ko twagize Imana".

"Kuko urazi, mu mupira w'amaguru ibintu vyose birashoboka, amahirwe nayo arakenewe, nk'ubu uravye ikosa umunyegoli yakoze".

"Sinomwegekako ikosa, ariko birashika".

Ivyo bivugwa na Gyan, abivuze nyuma yaho yemereye ko amahirwe ariyo yafashije umugwi wa Ghana, Black Stars, mu rukino rwa mbere na Botswana.

Hagati aho umunyegoli wa Tunisia, Mahtlouthi, yemeye ko amakosa ari rwiwe, nyuma yaho arekuriye umupira agatsindisha umurwi wiwe kandi wari wifashe neza.