Arsenal yungukiye mu kugurisha abakinnyi

Ahavuye isanamu, Getty
Umutoza w'ikipe ya Arsenal, Arsene Wenger
Ikipe ya Arsenal yo mu Bwongereza yungutse amafaranga y'amapawundi agera kuri miliyoni 49 yavanye mu igurisha ry'abakinnyi bayo bakomeye.
Muri ayo, miliyoni 41 zavuye mu igurisha ry'abakinnyi nka Cesc Fabregas na Samir Nasr.
Iyi kipe yagize ibibazo byo gutsinda imikino muri shampiyona y'uyu mwaka ariko iherutse gutsinda mukeba wayo Tottenham Hotspur 5-2.
Abakunzi b'ikipe ya Arsenal bakomeje gusaba ko ayo mafaranga y'inyungu yakoreshwa mu kugura abakinnyi bashya kugirango iyi kipe ibe yashobora kwegukana ibikombe.
Abayobozi b'iyi kipe ariko bo bavuga ko ayo mafaranga yose atazakoreshwa mu kugura abakinnyi.