Intamba: Amadidane nyuma y'intsinzi

Inkino z'igikombe ca Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Inkino z'igikombe ca Afrika

Umurwi nserukira gihugu w'u Burundi mu mupira w'amaguru, Intamba, watsinze Zimbabwe ariko umumenyereza Adel Amouroush yaciye atanga imihoho.

Intamba zashoboye gutinda umurwi wa Zimbabwe 2-1, igitisindo ca mbere ikiba cinjiye mu nango z'igice ca kabiri c'urukino rwabera i Bujumbura.

Zimbabwe yaje kwishura, ariko u Burundi bwanjije ica kabiri hasigaye umunota umwe ngo urukino ruhere.

Iyi ntsinzi y'u Burungi mu mahiganwa yo guhiganirwa ikibanza mu gikombe ca Afrika 2013 zizobera muri Afrika y'epfo, ntiyijanye.

Umumenyereza w'u Burundi, Adel Amouroush, yaciye atanga imihoho mu kwiyamiriza ifatwa nabi ry'umurwi w'Intamba.