Marriner azohagarikira Man U Vs Man City

Umuhagarikizi Andre Marriner Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umuhagarikizi Andre Marriner

Umuhagarikizi Andre Marriner niwe yatowe ngo azohagarikire urukino hagati y'imigwi ibiri yo mu muji umwe, Manchester United na Mancester City kuwa 30 z'ukwa Kane.

Marriner w'imyaka 41, yahagarikiye urukino rwa United rwo mu kw'Icumi yakinye na Liverpool, rwabayemwo amahano y'amacakubiri afatiye ku rukoba yagizwe na Luis Suarez kuri Patrice Evra.

Umumenyereza wa United, Sir Alex Ferguson avuga yuko ruzoba ari urukino rw'ababanyi ruhambaye cane mu gihe igikombe ca Premier League kicenena mu kirere.

City iri inyuma ya mukeba United amanota atatu, ariko ifise ibitsindo vyinshi.

Marriner akomoka i Sheldon mu ntara yo hagati hashira uburengero bw'Ubwongereza, amaze guhagarikira inkino za United zitatu uno mwaka, i Norwich, i Liverpool hamwe n'i Bolton, ariko ntarahagarikira urukino rurimwo City.

Urukino hagati y'iyi migwi amaze guhagarikira, ni urwo mu kwa Kabiri 2011, igihe Wayne Rooney yatsinda muri 2-1 vya United, atsinze igitsindo ciza cane akoze gatebe gatoki ku kibuga ca Old Trafford.