Liverpool yirukanye Dalglish

Kenny Dalglish Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Kenny Dalglish

Umumenyereza w'umurwi w'umupira w'amaguru wa Liverpool, Kenny Dalglish, yasezerewe muri ayo mabanga.

Abanyemerika bene uwo mugwi bavuze ko bafashe ingingo itoroshe biturutse ku buryo Liverpool yigenjeje mw'ihiganwa rya Premier League aho Liverpool yarangije iri ku kibanza c'umunani.

Ariko Dalglish asanzwe akundwa cane n'abakunda umurwi wa Liverpool baravye ibikombe yawuzaniye akiri umukinyi wayo n'aho abereye umumenyereza.

Yabaye umumenyereza ubwa mbere mu myaka ya 80 hanyuma akaba ariwe yari umumenyereza igihe hagwa ibara kuri stade ya Hillsborough aho hapfa abantu bashika 100, abantu bakaba barashimye cane ingene yafashije imiryango yari yabuze.