FIFA:N'iki cosubirira penariti zirangiza inkino?

Penariti Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Penariti

Umukuru wa FIFA Sepp Blatter yavugiye mu nama yama iba buri mwaka ko umupira w'amaguru uba utakaje akanovera kawo nk'urukino ruhuza abarenga 2 mu gihe intsinzi ivuye mu gutera za penariti zirangiza.

Sepp Blatter yasavye Franz Beckenbauer, yashikanye ubudagi ku ntsinzi mu gikombe c'isi, akaba na president w'icubahiro wa Bayern Munich kwiga ibindi vyosubirira izo penariti.

Franz Beckenbauer niwe ayoboye umurwi washinzwe gutunganya inkino z'umupira w'amaguru ziteganijwe mu 2014, ukaba yahawe igikorwa co kuraba ibijanye n'amategeko akwiye guhindurwa mu mupira w'amaguru.

Urukino rwa nyuma rwa champions League rwarangijwe no gutera penariti zatumye umurwi wa Chelsea utahukana intsinzi kuri Bayern Much n'ubwo yari yasa n'iyarushije Chelsea gukina neza.

Yari ibaye incuro ya cumi igikombe ca Bulaya gitsindirwa mu gutera penalti.