Robert Di Matteo yahawe akazi ka Chelsea

Umumenyereza wa Chelsea, Robert Di Matteo Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umumenyereza wa Chelsea, Robert Di Matteo

Roberto Di Matteo yahawe akazi ukuri kwamye na Chelsea, ashira umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo mugwi imyaka ibiri.

Di Matteo yagizwe umumenyereza mfatakibanza nyuma y'iyirukanywa rya Andre Villas-Boas mu kwezi kwa gatatu, aca ahesha Chelsea intsinzi y'igikombe ca FA n'ica Champions League.

Uwo mumenyereza w'imyaka 42 yagize ati: "Twese twashitse ku bintu biduhesha agateka mu mahiganwa aheruka, binaja mu mateka y'uno mugwi uhambaye".

Di Matteo yigeze kumenyereza MK Dons na West Brom, yatsinzwe imikino itatu gusa mu mikino 21 yahagarariye Chelsea mu mahiganwa aheruka.

Benshi mu bakinyi barambiye muri Chelsea barerekanye ko bamushigikiye, nyuma yo gutsinda ihiganwa rya Champions League batsinze Bayern Munich hamwe n'intsinzi kuri Liverpool yabahaye igikombe ca FA.