Didier Drogba muri Shanghai Shenhua

Didier Drogba amaze kwinjiza igitsindo mu kwezi guheze Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Didier Drogba amaze kwinjiza igitsindo mu kwezi guheze

Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Chelsea, Didier Drogba, yagiranye amasezerano n'umugwi Shanghai Shenhua wo mu Bushinwa yo kuwukinira imyaka ibiri n'igice.

Azosubira gukinana n'uwo bahorana muri Chelsea, Nicholas Anelka, ubu nawe ari muri Shanghai.

Drogba w'imyaka 34 yagize ati: "Nararavye neza imigwi yanshaka muri izo ndwi ziheze, nca nsanga Shanghai Shenhua ariwo mugwi umbereye muri kino gihe."

Uwo munye Cote d'Ivoire aheruka gukinira ubwa nyuma Chelsea aho yinjiza penaliti yanyuma yahahe Chelsea igikombe ca Champions League itsinze Bayern Munich mukwezi guheze.

Urukino rwa mbere azokinira Shanghai ruzoyihuza na Manchester United ya Alex Ferguson, izoba iriko irategura inkino z'amahiganwa akurikira, ku tariki 25 z'ukw'indwi.

Drogba yagiye muru Chelsea avuye muri Marseille ku mafaranga imiriyoni 24 z'ama pound mu 2004, akaba ari we wa mbere yaguzwe na Jose Mourinho.

Yafashije Chelsea gutsindira ibikombe bitatu vya Premier League, bine vya FA hamwe na bibiri vya League Cup mu myaka umunani yakiniye uwo mugwi.

Muri ico gihe yashitse ku mwanya wa kane mu bamaze gutsindira Chelsea ibitsindo vyinshi mu mateka yayo, akaba yarinjije 157, aba kandi uwa mbere mu kwinjiriza Chelsea vyinshi mu mahiganwa yo ku rwero rwa Buraya, aho yinjije ibitsindo 34.

Ariko yafashe ingingo yo kuva muri Chelsea nyuma yo gutsindira igikombe ca Champions League.