Van Persie ntiyumvikanye na Arsenal

Robin Van Persie Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Robin Van Persie

Umukinyi w'imbere wa Arsenal, Robin van Persie, yamenyesheje ko atazoshira umukono ku yandi masezerano na Arsenal.

Uwo musore w'imyaka 28, asigaje umwaka mu masezerano yariho, yemeje ko yabonanye n'umumenyereza Arsene Wenger hamwe n'umuyobozi mukuru Ivan Gazidis.

Ariko yatangaje ko batumvikanye ku kuntu umugwi wobandanya utera imbere.

Van Persie yanditse ku rubuga internet rwiwe ati: "Nariyumviriye cane kandi igihe kire kire, ariko nahisemwo kutongereza ikiringo c'amasezerano".

Ntibiramenyekana nimba Van Persie, watsinze ibitsindo 41 mu nkino 53 mu mahiganwa aheruka, azoheza ikiringo yari asigaye mu masezerano canke nimba azoja mu wungi mugwi.