Umudari wa mbere w'inzahabu utwawe n'Ubushinwa

Umushinwakazi Yi Siling Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushinwakazi Yi Siling

Yi Siling wo mu Bushinwa niwe yatahukanye umudari wa mbere w'inzahabu mu nkino Olympic 2012 mu kurasa ku metero cumi mu bagore.

Uwo mupfasoni w'imyaka 23 ni uwa mbere kw'isi kandi niwe yahabwa amahirwe menshi, akaba yatsinze Sylvia Bogacka wo muri Pologne yabaye uwa kabiri na Yu Dan w'umushinwakazi nyene yaronse umudari w'umujumbu.

Bogacka yari imbere gushika ku nshuro y'umunani mu nshuro cumi mu kurasa ku mero cumi mu rukino rwa nyuma, Yi aca aramwenurira aba uwambere.

Umwongerezakazi Jennifer McIntosh yavuyemwo mu ntango.

Uwaheruka gutsinga iryo higanwa, Katerina Emmons wo muri Republique Czech, yabaye uwa kane.