Ye Shiwen ntiyakoresheje ibiyovyabwenge

Ye Shiwen Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ye Shiwen

Umukobwa w'umuyabaga w'Umushinwakazi ahiganwa mu kwoga, Ye Shiwen, ntiyivye mu gukoresha ibiyovyabwenge, bikavugwa n'ishirahamwe Olympic ryo mu Bwongereza.

Ivyagiriji vy'uko Ye Shiwen w'imyaka 16 yakoresheje ibiyovyabwenge kugira atsindire umudari w'inzahabu, vyazanywe n'umumenyereza mu kwoga w'umugwi wa Amerika.

Umukuru w'ishirahamwe Olympic ryo mu Bwongereza, Lord Colin Moynihan, yavuze ko Ye yakorewe ibipimo bagasanga ari umwere, ngo akwiye guhabwa agateka ku buhinga bwiwe.

Ye yagize umwanya muto cane kuwo yahora agira, agabanyako amasegonda 5 mu gusiganwa imetero amajana ane.

Umukuru w'abamenyereza ba leta zunze ubumwe za Amerika, John Leonard, yavuze ko ugusiganwa kw'uwo mukobwa kutari gusanzwe, anavuga ko gukoresha ibiyovyabwenge bishobora kuba vyarabaye.

Bwana Leonard, umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'abamenyereza kwoga kw'isi, yavuze ko ugusiganwa kw'uyo mukobwa kwamwibukije umugore wo mu Budage bw'Ubuseruko mu myaka 1980, yakoresha ibiyovyabwenge umwanya wose.

Ariko Ye, azohiganwa mu metero amajana abiri mu mukino wanyuma, yahakanye ivyo vyose yagirizwa avuga ko adashobora gukoresha ivyo vyose bibujijwe mu mukino wo kwoga.