London 2012: Gusiganwa mu kwiruka vyatanguye

Inkino za Olympique Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inkino za Olympique

Igihe c'ugusiganwa mu kwiruka cari kirindiriwe cane muri za nkino za olympique catanguye uno munsi ariko gushika imidali imaze kuboneka iri mu zindi nkino.

Mu gusoza ubwato, Ubudagi bwaronse umudari w'inzahabu mu basoza ari bane, nabo abongerezakazi Katherine Grainger na Anna Watkins bakaba baronse umudari w'inzahabu mu basoza ari babiri.

Kuri trampoline umushinwa Dong Dong niwe yabaye uwa mbere.

Naho mu kurasa umunye Cuba Pupo akaba yaronse umudari w'inzahabu mu kurasa ku metero 25 na pistolet.

Gushika ubu Ubushinwa nibwo buri imbere mi midari myinshi, bufise 41 harimwo 20 y'inzahabu.