Olympique: Afrika vyanse mu mupira w'amaguru

Abakinyi ba Senegal Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakinyi ba Senegal

Icegera c'umumenyereza w'umugwi wa Senegal, Aliou Cisse, yemeje ko kuva mu nkino za Olympique kw'umugwi wiwe na Misiri bibabaje cane.

Iyo migwi ibiri niyo yari isigaye iserukiye umugabane wa Afrika muri rino higanwa.

Ariko yose yaratsinzwe mu nkino z'ica kane c'ihiganwa zo kuwa Gatandatu, Senegal ikaba yaratsinzwe 4-2 na Mexico mu gihe c'umwanya wongeweko, Misiri nayo itsindwa n'Ubuyapani 3-0.

Imigwi ibiri yaserukiye Afrika mu bagore, Cameroun na Afrika y'epfo, yananiwe kurengana umuce wa mbere, kandi nta rukino na rumwe yatsinze.

Inkino zo mu 2012 ntizahiriye Afrika mu mupira w'amaguru, mu gihe yashitse mu rukino rwa nyuma mu nkino ziheruka mu 2008, i Beijing.

Nigeria, yatwaye umudari wa mbere wa Afrika w'inzahabu mu mupira w'amaguru mu nkino z'i Atlanta mu 1996, yashitse mu mukino wa nyuma i Beinjing, iza gukurwamwo na Argentine ya Lionel Messi.