John Terry ntazosubira gukinira Ubwongereza

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa cyenda, 2012 - 13:36 GMT

John Terry na Anton Ferdinand

Umukinyi John Terry yabaye capitain w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza akurikiranwako gutuka ashingiye ku bwoko, umukinyi mugenzi we wa Queens Park Rangers , Anton Ferdinand.

John Terry yahanaguweko ico caha c'amacakubiri afatiye ku moko, na sentare mu kwezi kw'indwi.

Urubanza rwasubiye kumvirizwa n'umurwi ujejwe gukurikirana inyifato y'abakinyi mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru , wahuriye Wembley.

John Terry imbere yo kwitaba uwo murwi yasize amenyesheje ko atanze imihoho gukinira umurwi w'igihugu.

Uyu mukinyi avuga ko kubona ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rikomeza kumukwirikirana mu gihe yamaze kugirwa umwere na sentare isanzwe, asanga adashora gukomeza gukirina igihugu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.