Nemanja Vidic yabazwe ivi

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa cyenda, 2012 - 15:46 GMT
Nemanja Vidic

Nemanja Vidic

Kapitene wa Manchester United, Nemanja Vidic, azomara indwi umunani adasubiye mu kibuga nyuma yo kubagwa ivi.

Vidic ntiyakinye urukino rwo kuwa Mungu aho Manchester yatsinda Liverpool, akaba yavuga ko yumva akomerewe mw'ivi ry'ukuguru kw'iburyo.

Ariko ibipimo vyasanze ikibazo gikomeye kurusha uko vyibazwa, uwo mu kinyi w'inyuma-hagati akaba yaciye abagwa.

Uwo mukinyi w'imyaka 30 ava muri Serbie, ntiyakinye mu mezi atanu ya nyuma y'ihiganwa ryo mu mwaka uheze kubera imvuye yo mw'ivi.

Urwandi rwashizwe ahabona na Manchester United, uruvuga ko Nemanja Vidic yabaze mw'ivi ryo mu kuryo, akaba azomara indwi umunani adakina.

Umumenyereza Sir Alex Ferguson yaruhuye Vidic kuwa Mungu kugira arabe ko har igihinduka nyuma yaho avugiye ko akomerewe mw'ivi.

Ngo ariko abaganga bagize ibipimo vyisununuye, basanze ikibazo gikomeye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.