Samuel Eto'o yasubiye gukinira Cameroun

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa cyenda, 2012 - 13:05 GMT
Samuel Eto'o

Samuel Eto'o

Umukinyi w'imbere w'umunye Cameroun, Samuel Eto'o, yamenyesheje ko ahagaritse ingingo yari yafashe yo kudakinira umugwi wa Cameroun.

Eto ntiyakinye mu rukino rwo mu kwezi guheze aho Cameroun yatsindwa na Cape Vert mu rukino rwa mbere rwo guhinganirwa itike yo kuja mu gikombe ca Afrika 2013.

Yanse gukina mu kwiyamiriza ukuntu umugwi nserukira gihugu utunganijwe.

Ariko uwo mukinyi w'imyaka 31, yumvishijwe na leta ya Cameroun yuko bikenewe ko agaruka.

Eto'o yanditse ku rubuga internet rwiwe ati "Mbisabwe n'urwego rwo hejuru mu butegetsi bw'igihugu, ndemeye gusubira gukinira Les Lions Indomptables."

Yabandanije agira ati "Mpawe ingoga n'ugushaka kwanje kwo gukinira igihugu canje, nkakinana ugushaka nk'ukwo nari mfise haciye imyaka 15."

Iyi ngingo Eto'o ayifashe nyuma yo kubonana n'umushikiranganji wa mbere wa Cameroun, Philemon Yang, umushikiranganji ajejwe inkino Adoum Garoua, uwujejwe umugwi wa Cameroun Song Bahang n'umumenyereza Jean Paul Akon.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.