FIFA yatse intsinzi Sudani

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi, 2012 - 18:22 GMT
Ishirahamwe FIFA

Ishirahamwe FIFA

Ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, ryahinduye ubusa intsinzi ya Sudani kuri Zambia ya 2-0 mu guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi 2014.

Sudani yahawe ico gihano kuko yakinishije umukinyi atari yemerewe gukina.

FIFA ivuga ko umugwi wayo ujejwe ukwitwara neza mu rukino, wasanze Saif Ali atari gukina urukino rwo kw'itariki 2 z'ukwa Gatandu i Khartoum, ngo rero Sudan ica itsindwa kuri forufe, Zambia ikaba yaciye ihabwa intsinzi ya 3-0.

FIFA kandi yahaye ishirahamwe rya Sudani ry'umupira w'amaguru, ihadabu ingana n'amahera 6000 y'ama Swisse, ni ukuvuga amadolari $6430.

Zambia rero ubu niyo ya mbere mu mugwi D, ikaba ifise amanota atandatu mu mikino ibiri, Sudani nayo igaca iba iya Gatatu n'inota rimwe gusa.

Ghana ifise amanota atatu, iya nyuma Lesotho ikaba ifise inota rimwe.

Zambia yari yasemereye ivuga ko Ali yakinye kandi yari amaze kuronka ikarata zitatu z'umuhondo mu nkino zabanjirije, harimwo urwo Zambia yatsinze Sudani mu kwezi kwa kabiri mu guhiganirwa kuja mu gikombe ca Afrika.

Imikino y'ibihugu vya Afrika yo guhiganirwa kuja mu mahiganwa mpuzamakungu izosubira mu kwezi kwa gatatu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.