Mancini: Ivya City muri Champions League vyaheze

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:50 GMT
Roberto Mancini (i buryo) ashwana n'abahagarikizi

Roberto Mancini (i buryo) ashwana n'abahagarikizi

Umumenyereza wa Manchester City, Roberto Mancini, avuga ko icizere ca City muri Champions League caheze nyuma yo kunganya na Ajax 2-2 mu rukino rw'ejo i Manchester.

City ifise amanota abiri mu mikino ine kandi igomba gutsinda imikino ibiri isigaye kugira igire icizere na gito co kubandanya mw'ihiganwa.

Mancini yagize ati: "Birababaje kuko twaronse inota rimwe gusa kandi ubu nibaza ko ivya Champions League kuri twebwe vyaheze."

Uwo mutaliyano yahanganye n'abahagarikizi nyuma y'urukino, nyuma yaho umukinyi wa City ahaniwe kurarira yagira atsinde.

Umupira Sergio Aguero yateye ahawe na Aleksandra Kolarov hasigaye iminota itatu ngo umupira uhere, vyasa nk'uko uhaye City intsinzi nyuma yo gutsindwa 2-0, ariko umufasha w'umuhagarikizi avuga ko yaraririye, igitsindo kirankwa.

Ariko hakurikijwe ibiharuro, biracashoboka ko City ishika mu gice c'ijonjora niyatsinda Real Madrid muhira hamwe na Dortmund iwayo.

City izokenera kandi ko Dortmund yo mu Budage itsinda Ajax, Ajax nayo vyibuze ikanganya na Real Madrid ku kibuga ca Bernabeu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.