Abakinnyi b'Afrika BBC 2012

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:46 GMT
Demba Ba

Demba Ba yagumye yerekana ukudahororokerwa, ishaka hamwe n'ukwinjiza vyatumye asubira kwicira inzira yo kuvugwa muri New Castle inyuma y'igihe kitoroshe.

Kumbure ivyo nivyo vyatunmye vyatunye abantu bamugomwa gutyo akaja ku rutonde rw'uno mwaka. Uwo munyeSenegal w'imyaka 27 yaratumye ibintu bihinduka cane muri New Castle igihe yayijamwo avuye muri West Ham mu kwa gatandatu 2001.

Yinjije ibitsindo 16 mu kiringo ciwe ca mbere aca akirangiza ariwe mukinyi afise ibitsindo vyinshi muri uwo mugwi, n'ubwo yasa n'uwasubiye inyuma mu kunonoka igihe yagaruka avuye mu gikombe c'ibihugu vya Africa c'i 2012-agafasheaNew Castle kurangiza ku kibanza ca gatanu akanatuma uwo mugwi uronka urukino rw'ukurondera uwuja mu gice ca nyuma mw'ihiganwa rya Europe League.

Ari mu bakinyi beza Senegal ifise

N'ubwo atagiye aratangura mu kibuga mu nkino za Premier League z'iki kiringo, Ba amaze kwinjiza ibitsindo 8 mu nkino 12 yagiye mu kibuga-gushika ubu akaba ariwe mukinyi afise ibitsindo vyinshi mu mugwi wiwe n'uwa kabiri muri ico cicaro.

Ba, yavukiye mu Bufaransa, yatanguye gukinira Les Lions de la Teranga(Senegal) bahura na Tanzania mu kwa gatandatu mu 2007 aho yinjiza ibitsindo 4 mu nkino 16.

Ari mu bakinyi beza b'imbere Senegal ifise , akaba akurakuranwa mu gutangura mu kibuga n'uwo bakina mu mugwi umwe Papiss Cisse, Moussa Sow,na Dame N'Doye na Noussa Konate.

Ariko Ba n'abo bakinana ntibazoba bari mw'ihiganwa ry'igikombe ca Africa muri Africa y'Epfo mu mwaka uza nyuma y'aho Senegal ikuwe mw'ihiganwa kubera intureka y'abari kurorera umupira mu rukino rwo gukuranamwo rwariko rurayiguza na Cote d'Ivoire.

Ahubwo Ba azorondera kuduza ikibanza ca New Castle mu gihe gihambaye c'iki kiringo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.