Harry Redknapp umumenyereza wa QPR

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:40 GMT
Harry Repdknapp

Harry Repdknapp

Queen Park Rangers yagenye Harry Redknapp ngo ayibere umumenyereza mu kiringo c'imyaka ibiri n'igice.

Uwo mugabo w'imyaka 65 ararabira urukino rw'umugwi wiwe mushasha yicaye mu barorerezi, aho Rangers iza guhura na Manchester United ku kibuga ca Old Trafford mw'ihiganwa rya Premier League.

Redknapp yabariye urubuga internet rwa QPR ko ari amahirwe meza cane atari kugisha.

Yabandanije ati: "Ndanezerewe cane no kuba ngarutse mu kazi ko kumenyereza mu mugwi QPR. Sije nzobona harageze ngo ntangure akazi, ndonse intsinzi uno mugwi."

Redknapp yari amaze amezi atanu ata kazi afise, nyuma yo kwirukanwa na Tottenham mu kwa Gatandatu.

Asubiriye Mark Hughes, yirukanywe na QPR kuwa Gatanu, QPR ikaba ari iyanyuma ku rutonde rwa Premier League, ikaba yari imaze gukina inkino 12 zose ata na rumwe itsinze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.