Umurwi wa Nigeria mu kwitegurira CAN

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa mbere, 2013 - 14:57 GMT

umurwi Super_Eagles wa Nigeria

Umurwi nserukiragihugu wa Nigeria wari hasi cane, ariko waramiwe n'igenwa rya Stephen Keshi, yatsindiye agashimwe k'umukinyi wa mbere mu 1994, igihe uwo murwi wamenyerezwa na Clemens Westerhof.

Aho niho Nigeria iherukira gutwara igikombe ca Afrika n'ubwo mu 2000 yageze mu rukino rwa nyuma.

Keshi rero ubu akeneye gukoranya amazina yose y'abakinyi rurangiranwa afise mu murwi umwe.

Afise umuhinga Mikel Jon Obi, Victor Moses na Joseph Yobo ashobora kwikorako, ariko igihe co kwitegurira amahiganwa bakimaze cane mu mpari zijanye no gukuramwo Peter Odemwingie, umusatirizi wa West Brom.

Odemwingie yavuze ko yakuwemwo kuko adatinya kuvuga ico yiyumvira ... Keshi nawe yishura ko umukinyi ategerezwa kwemera ingingo afashe nk' usobanukiwe neza imwuga.

Yaretse kandi Obamefemi Martins, akina mu murwi wa Levante muri Espagne.

Uko Keshi azotora kose, abakinyi biwe babwirizwa kumenya ko bitazoborohera.

Igihugu kigizwe na Miliyoni 170 kibitezeko intsinzi.

Umukinyi w'inyuma ku rwego mpuzamakungu Efe Sodje, avuga ko umupira w'amaguru ari uburyo bukomeye bwo kumenyekanisha igihugu, cane cane mu gihe c'ihiganwa rikomeye.

Keshi amaze gutsinda inkino 6 mu zindi 14 baranganya, mu kiringo amaze amenytereza uyu murwi.

Batsinze Urwanda 2-0 mu mahiganwa y' ijonjora, imbere yo kurusha Liberia 8-3 mu kwegukana ikibanza mu nkino za nyuma.

Aho yatsinzwe honyeen ni mu nkino za kivukanyi aho bahuye na Msri, hanyuma na Peru.

Sodje yibaza ko uwo murwi ufise ubushobozi bwo gukina neza, ariko ngo mu ntango ntibizoborohera.

Batahukanye igikombe mu 1994, bibananira kuja mu mahiganwa mu 2012, n' ukwitega ibitangaza ku murwi wa Nigeria.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.