Ubuhinga bw'igoli muri Premiership

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa kane, 2013 - 14:49 GMT
Ubuhinga bwo kwerekana ko igitsindo cinjiye

Ubuhinga bwo kwerekana ko igitsindo cinjiye

Imigwi y'umupira w'amaguru mw'ihiganwa rya Premiership mu Bwongereza yumvikanye gukoresha ubuhinga bwerekana ko igitsindo cinjiye guhera mu mahiganwa akurikira.

Iyo migwi yatoye ubuhinga bwakozwe n'ikigo co mu Bwongereza, Hawkeye, busanzwe bukoreshwa mu mikino ya tennis na cricket.

Hawkeye ivuga ko ivyuma bifata amasanamu (camera) ikoresha, bifise ubunyarutsi bunini cane, ku buryo bishobora kwerekana aho umupira waguye mu misegonda mike, bagaca babimenyesha umuhagarikizi.

Harabaye amakosa menshi akomeye, aho umupira waba warenganye umurongo w'igoli, ariko umuhagarikizi ntatange igitsindo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.