7 bahevye Wimbledon kubera ugukomereka

Image caption Mu bahevye harimwo Tsonga na Azarenka

Abakinyi 7 ba Tennis bari mw'ihiganwa rya Wimbledon barivuyemwo kubera ugukomereka bivuye mu kunyerera bariko barakina.

Muri abo harimwo Victoria Azarenka, yagira kabiri mu baza kw'isonga muri urwo rukino mu bagore na Jo-Wilfried Tsonga yaza ubugira gatandatu mu bagabo.

N'ubwa mbere hahevye abakinyi bangana gutyo kubera ugukomereka muri iryo higanwa.

Abategura iryo higanwa banse ivyavuzwe na Azarenka ko ibibuga bakinirako bitameza neza ahubwo basigura ari bitagira akanenge.

Ariko Maria Sharapova yatsinzwe na Michelle Larcher de Brito, yavuze ko ivyo bibuga''bibangamye''.

Imnbere y'aho , Steve Darcis, yakuyemwo Rafael Nadal mw'ikiranamwo rya mbere, nawe yari yavuye mw'ihiganwa kubera ingorane mu gitugu mu gihe Marin Cilic na John Isner bavuyemwo kubera ugukomereka mu mavi, nawe Radek Tepanek akaba yahevye kubera ingorane ku murya w'itako ry'ukuguru kw'i bubamfu.