Man United iracashaka Fabregas

Cesc Fabregas
Image caption Cesc Fabregas

Umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza, Manchester United, wasubiye kwerekana ko ushaka umukinyi Cesc Fabregas, wa Barcelona.

United yemeje ko amahera imiriyoni 25 z'ama pound bashaka ku gura uwo mukinyi w'imyaka 26 kuwa Mbere uheze, bayongereje gushika ku miriyoni 30.

Umumenyereza wa Man United, David Moyes yagize ati: "Icegera c'umuyobozi wa United, Ed Woodward, yari yaronse inyishu aho twagerageza ubwa mbere.

"Twongereje amahera, ariko Ed niwe ariko arabitunganya, si jewe ndabirimwo."

Moyes yongeyeko ati: "Iyo ushaka abakinyi beza, ukora ibishoboka vyose kugira ubaronke, kandi ivyo nzobikora."

Nyuma y'iminsi ibiri bimaze kumenyekana ko United ishaka Fabregas, Woodward yaciye ava muri Australia aho United iriko iritegurira, aza mu mibonano yo kugura uwo mukinyi.