Suarez arasaba Liverpool kumureka akagenda

Umukinnyi Luis Suarez
Image caption Umukinnyi Luis Suarez

Luis Suarez aravuga ko ashaka kuva mu ikipe ya Liverpool akajya mu ikipe izakina imikino y'igikombe cy'Uburayi (Champions League).

Uyu rutaha izamu w'imyaka 26 ukomoka mu gihugu cya Uruguay arateganya ibi kubisaba ikipe ye ya Liverpool mu mpera za kino cyumweru niba iyi kipe yanze kwakira amafaranga y'amakipe amushaka.

Luis Suarez yabwiye ibinyamakuru the Guardian na Daily Telegraph ko ikipe ya Liverpool yari yamwijeje ko izamureka akagenda muri kino ki iyo iramuka itabonye itike yo guhatana mu mikino y'igikombe cy'Uburayi.

Ibyo ariko Liverpool ntiyabishoboye kuko yarangije shampiyona ishize iri ku mwanya wa karindwi kandi yanze no kwemera amafaranga y'amakipe ashaka kugura Suarez ivuga ko amasezerano yasinyanye nawe atayitegeka ku ngufu kumugurisha.

Ikipe ya Arsenal imaze kugerageza kumugura inshuro ebyiri zose.

Ku nshuro ya kabiri, yongeyeho gusa ipawundi rimwe ku mafaranga y'amapawundi miliyoni 40 yari yemeye gutanga ku nshuro ya mbere.