Bale ntiyabonetse mu mwimenyerezo

Gareth Bale aronderwa na Real Madrid
Image caption Gareth Bale aronderwa na Real Madrid

Umukinyi wa Tottenham w'imbere, Gareth Bale, aronderwa na Real Madrid, ntiyaje mu mwimenyerezo nyuma y'akaruhuko k'umugwi i Marbella.

Bale w'imyaka 24, agomba kugurwa na Real Madrid yo muri Espagne amahera y'akataraboneka ashika imiriyoni £86, ariko Tottenham ivuga ko atakirumvikanwako.

Tottenham yaronse uwundi ashaka uwo mukinyi yiyongereye kuri Real Madrid.

Uwo wundi ntiyatangajwe uwo ari we, ariko Manchester United vyari vyavuzwe ko ishaka uwo mukinyi muri rino ci.

Tottenham yari yabwiye Bale kugaruka kwimenyereza kuri uyu wa Kabiri, ariko icatumye adashika ku kibuga uwo mugwi wimenyererezako nticamenyekanye.

Real Madrid imaze gushikiriza ivyifuzo bibiri vyo kugura Bale, ubu ikaba irindiriye kuraba ko Tottenham hari na kimwe yemera.