Toure: FIFA ihagarike amacakubiri

Yaya Toure mu rukino yavuze ko yatutswe
Image caption Yaya Toure mu rukino yavuze ko yatutswe

Umukinyi wo hagati wa Manchester City na Cote d'Ivoire, Yaya Toure, yabariye BBC ko hageze ko FIFA na UEFA bafata ingingo zikomeye zo kurwanya amacakubiri afatiye ku rukoba.

Ibi Toure yabivuze nyuma yo kwagiriza abakunzi ba CSKA Moscow, avuga ko bamututse bifatiye ku rukoba rwiwe mu rukino rwo kuwa Gatatu rwa Champions League, rwatsinzwe na City.

Toure yanavuze ko abakinyi b'abanye Afrika bashobora kwanka kuza mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi rizobera mu Burusiya mu 2018.

Abajijwe uno munsi nimba ivyo kwanka gukina bigishoboka, uwo munye Cote d'Ivoire yagize ati: "Ntiharagera".

Yongeye ko ati: "Reka tureke FIFA na UEFA bakore akazi kabo."

Toure yavuganye n'umuhagarikizi Ovidiu Hategan mu rukino CSKA yatsinzwe 2-1, yidogera inyifato y'abakunzi b'uwo mugwi, ariko uwo mugwi wo mu Burisiya wahakanye uvuga ko ata numwe yatutse Toure.

Toure yabariye BBC Afrique ko UEFA yiyemeje kugira ivyo ikora.

Ngo bafashe ingingo yo gukurikiza amategeko ngo kandi ivyo nivyo ashaka.