Cricket: Sanchin Tendulkar yakukurutse

Image caption Sachin Tendulkar aramutsa abafana imbere y'urukino rwiwe rwa nyuma mu muji wa Mumbai 14/11/13

Hari urwamo rw'abanyamuneza rwinshi igihe Sanchin Tendukar yinjira mu kibuga ca Wankhede mu muji wa Mumbai, mu rukino rugira 200 mu kiringo c'imyaka itanu.

Uko yakubita bat niko amashi yashwara ikibuga mu rukino rumuhuza na West Indies.

Uyu mukinyi aharurwa mu ba mbere kw'isi mu rukino rwa Cricket, ndetse ashobora kuba ari nawe wa mbere kw'isi.

Yaciye imihino myinshi mu kiringo cimyaka 24 yar'amaze akina.

Sachin Tendulkar akukurutse afise imyaka 40, akaba aharurwa mu bakinyi ba mbere batunze kw'isi.