Amakipe 16 asigaye mu gikombe cy'Uburayi

Tombola yuko ayo makipe 16 azahura izaba ku itariki ya 12/16/13
Image caption Tombola yuko ayo makipe 16 azahura izaba ku itariki ya 16/12/13

Nyuma y'imikino mu matsinda, ubu noneho amakipe 16 asigaye mu gikombe cy'Uburayi (Champions League) amaze kumenyekana.

Ayo ni Chelsea, Manchester City, Arsenal na Manchester United yo mu Bwongereza.

Bayern Munich, Borussia Dortmund, Bayer Leverkusen na Schalke yo mu Budage.

Barcelona, Real Madrid na Atletico Madrid yo muri Espagne.

Mu Butaliyani hasigayemo ikipe imwe ya AC Milan nyuma yaho Juventus irangije iri ku mwanya wa gatatu.

Andi makipe ni Galatasaray (Turikiya), Paris St-Germain (Ubufaransa), Olympiakos (Ubugereki) na Zenit St Petersburg (Uburusiya).

Tombola yuko ayo makipe azahura izabera i Nyon mu Busuwisi ku wa mbere itariki ya 16 z'ukwa cumi na kabiri.