Asafa Powell yabujijwe guhiganwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Asafa Powell

Uwo umunonotsi rurangiranwa wa mbere muri Jamaica, yigeze kuba uwa mbere kw'isi, azomara amezi cumi n'umunani adahiganwa.

Ibipimo vyagaragaje ko Asafa Powell yakoresheje imiti ibujijwe yitwa 'oxilophrine', mu bipimo vyakozwe ku rwego rw'igihugu rwa Jamaica mu kwagatandatu k'umwaka uheze.

Igihe c'ico gihano yahawe caharuwe kuva ku munsi yatangiye ivyo bipimo, bisobanura ko azosubira guhiganwa kuva mu kwa cumi na kabiri uyu mwaka.

Uwakorana imyimenyerezo hamwe na Powell, Sherone Simpson, yanatwaye umudari wa zahabu, nawe yaronse igihano nk'ico mu ndwi iheze.

Bompi bata umwikomo ku mumenyereza baheruka gukoresha, ari nawe ngo yabahaye iyo miti yo kwiyongera imbaga.