Cisse agiye kwicara amezi

Papiss Cisse yavunikiye mu rukino na Swansea
Image caption Papiss Cisse yavunikiye mu rukino na Swansea

Rutahizamu wa Newcastle na Senegal, Papiss Cisse, agiye kumara igihe kirekire adakina kubera kubabwa mw'ivi.

Uwo mukinyi w'imyaka 28 yakomerekeye mu rukino umugwi wiwe watsinzwe 2-1 na Swansea mw'ihiganwa rya Premier League ryo mu Bwongereza itariki 19 z'ukwa Kane.

Cisse yinjirije Newcastle ibitsindo bine gusa mu mahiganwa yose uno mwaka, yabazwe mw'ivi mu muji wa Paris ejo kuwa Kane.

Urwandiko rwashizwe ku rubuga internet rwa Newcastle ruvuga ko vyitezwe ko amara amezi adakina.

Uwo mugwi kandi uvuga ko Cisse azobandanya kuvurirwa ku kigo ca Clarefontaine imbere yo gusubira i Tyneside aho azosuzumwa n'abaganga ba Newcastle.

Kuwa Mungu Newcastle izoja gukina na Liverpool mu rukino rwa nyuma rw'amahiganwa y'ubu, rushobora no kugira ico ruhindura ku vyerekeye uwutsinda Premier League uno mwaka.