Tenis: Serena yakuwe mw'irushanwa

Irushanwa rya Tenis Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Serena Williams

Umunyamerikakazi Serena Williams warusanzwe afite igikombe cy'irushanwa rya Tennis ryo mu Bufaransa yakurikiye mukuru we Venus Williams mu kuva mw'irushanwa ku munsi wa kane.

Serena ystsinzwe n'umunyaEspagne Garbine Muguruza w'imyaka 20 ku maseti abiri ku busa (6-2 6-2).

Ni ubwa mbere Serena Williams w'imyaka 32 akurwa mw'irushanwa rikomeye atageze mu cyumweru cya kabiri.

Serena yakoze amakosa 29 muri uyu mukino wamaze iminota 64.