Ruswa muri FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hapfungurwa ibahasha ry'uwatsindiye kwakira inkino z'isi zo mu 2022

Uwashinzwe gutohoza kuri ruswa ivugwa mu gikorwa co guhiganirwa kwakira inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru mu 2022 ryegukiye Qatar, avuga ko azorangiza kwegeranya ibimenyetso mu ndwi imwe.

Mu ijambo ryiwe rya mbere kuva ikinyamakuru Sunday Times gitangaje ko habayemwo ruswa kugira Qatar itsindire kwakira izo nkino, Michael Garcia yatangaje ko azotanga icegeranyo ciwe mu kwezi kuza.

Ntaco yavuze ku bimaze iminsi binuganurwa kuri Qatar.

Umurwi waserukiye ico gihugu ca Qatar mu guhiganirwa kwakira inkino z'igikombe c'isi zo mu 2022, urahakana ko ata kintu wakoze kibi.

Abategetsi ba Qatar bari biteguye guhura n'umurwi ujejwe gutohoza kur'ico kibazo uyu munsi.

Hagati aho umukuru w'umurwi w'igisata c'umugabane wa Afrika muri FIFA, Issa Hayatou, yahakanye ko yafumbatishijwe kugira ashigikire Qatar.