Impungenge za Portugal kuri Cristiano Ronaldo

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty y Ap
Image caption Cristiano Ronaldo ari kumwe na Diego Costa

N'icizere c'umurwi w'Ubufaransa cahungabanye uno munsi, inyuma y'aho Winger Frank Ribery akuriyemwo akarenge kubera imvune y'umugongo.

Ku ruhande rwa Portugal, imyimenyerezo ntiriko iragenda neza kubera Cristiano Ronaldo asanzwe akinira Real Madrid atarimwo.

Bento yirinze kuvuga niba Ronaldo azoba arimwo mu rukino rwo kuwa 16/06/ 2014, ruzobahuza n'Ubudagi.

Ikindi kandi Bento araba atanafise umukinyi w'inyuma Pepe, n'uwo hagati Raul Meireles, mu rukino rwa kivukanyi rubahuza na na Mexico muri leta zunze ubumwe za Amerika.

Bento yavuze ko ari ibisanzwe ko abakinyi bagera mu gikombe c'isi barushe, haba ku mubiri canke uko biyumva ku mutima.

Impamvu n'uko ngo bafise amahiganwa menshi akurikirana, cane cane ku mugabane wa Bulaya, ariko ntibagire akanya ko kuruhuka gakwiye.