Ikipe ya Cameroun yari yanse kuja muri Brazil

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ifoto y'umurwi wa Cameroun imbere yo guhura na Tunisiya, hari 13/10/2013

Abo bakinyi bari babitewe n'impari zariho zijanye n'agahembo kabo mu gihe c'iryo higanwa.

Ubu ico kibazo camaze gukemuka, abakinyi bakaba biteze kurira indege yo mw'ijoro, igihe c'isaha zibiri n'igice kw'isaha mpuzamakungu, iza kuba iturutse muri Angola.

Abo bakinyi bateganya kuva mu muji wa Yaounde uno munsi mu gitondo, ariko bagumye muri hoteri.

Cameroun yigeze kugira ibibazo bisa n'ibi imbere y'inkino z'igikombe c'isi zo mu 2002.

Urukino rwa mbere rw'umurwi wa Cameroiun ruteganijwe ku munsi wa gatanu, aho izohura na Mexico mu murwi A.