Suarez ngo agomba kwerekana ivyo azi

Luis Suarez ngo ashobora kuba muri ba rurangiranwa kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Luis Suarez ngo ashobora kuba muri ba rurangiranwa kw'isi

Umumenyereza w'Ubwongereza, Roy Hodgson, avuga ko umukinyi w'imbere wa Liverpool, Luis Suarez, ashobora gushirwa muri ba rurangiranwa kw'isi ngo ariko agomba kubanza kuvyerekana.

Umunye Uruguay, Suarez w'imyaka 27, vyitezwe ko akira imvune yo mw'ivi agashobora guhura n'Ubwongereza kuwa kane mu rukino rwo mu muce D.

Hodgson yagize ati: "Ushobora kuba umukinyi akomeye mu gihugu ukinamwo, ariko kugira wemerwe nk'umwe muri barurangiranwa, ugomba kwerekana ico uzi mu gikombe c'isi.

"Suarez afise ubushobozi, n'umukinyi w'umupira w'amaguru akomeye cane."

Ubwongereza na Uruguay bigomba guhura kuwa kane i Sao Paulo, iyo migwi yombi ikaba yaratsinzwe inkino zayo za mbere, kandi igashobora gusezerwa mu gihe itotsinda urukurikira.

Suarez yatsinze ibitsindo 31 mu mahiganwa aheruka, ntiyakinye urukino rwa mbere Uruguay yatsinzwe 3-1 na Costa Rica.

Gukina neza kwiwe mu mahiganwa aheruka muri Liverpool, kwatumye uwo mugwi uhakwa gutwara igikombe ku nshuro ya mbere mu myaka 24.

Abonwa kandi nk'umwe mu baha icizere Uruguay co gushika kure muri iki gikombe c'isi.