Mwenewabo wa Yaya na Kolo Toure yitavye Imana

Ibrahim Toure yashengeye afise imyaka 28 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibrahim Toure yashengeye afise imyaka 28

Rurangiranwa ba Cote d'Ivoire, Yaya na Kolo Toure, bamenye inkuru y'urupfu rwa mutoyi wabo bari mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi muri Brazil.

Ibrahim Toure yitavye Imana ejo kuwa kane i Manchester, afise imyaka 28.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Cote d'Ivoire ryagize riti: "Abaserukiye Cote d'Ivoire bose bashaka kumenyesha ko bifatanije n'abo bakinyi.

"Muri iki gihe kigoye, umugwi wa Cote d'Ivoire hamwe n'abaduserukiye bose ngaha muri Brezil, dufashe mu mugongo abavukanye Toure n'umuryango wabo."

Ibrahim Toure yakinye imbere mu gukina kwiwe kwose, cane cane mu mugwi Al-Safa SC wo muri Libani.

Yaya na Kolo babwiwe inkuru y'urupfu rwa Ibrahim nyuma y'amasaha make umugwi wabo utsinzwe na Colombia 2-1.

Umugwi Elephant, watsinze urukino rwa mbere Ubuyapani 2-1, uzoheza inkino zawo zo mu muce C kuwa kabiri mu gukina n'Ubugiriki.