Ubudage: Igikombe cyageze i Berlin

Umurwi w'Ubudage Uwufise ububasha kw’isanamu EVN
Image caption Umurwi w'Ubudage

Umurwi userukira Ubudage w'umupira w'amagaru uherutse gutsindira igikombe cy'isi wagejeje icyo gikombe imbere y'abakunzi bawo benshi bari baje kuwureba i Berlin.

Abakinnyi bacejeje, baranaririmbira ahantu hari hateguwe i Brandenburg Gate igihe ibihumbi amajana bizihizaga intsinzi bagize muri Brazil.

Umukuru w'uwo murwi, Philip Lahm yashimiye abakunzi, avugaga ko babafashije kugera ku ndoto zabo, umutoza Joachim Loew we ababwira ko bose batsindiye igikombe cy'isi.

Mbere, uwo murwi wari wabanje kuzungurukana icyo gikombe mu modoka ifunguye hejuru imbere y'abakunzi bari bafite amabendera.

Ni ubwa mbere Ubudage butsindiye igikombe cy'isi kuva aho bwiyingiye mu 1990. Ubudage bwatsinze Argentine igitego 1-0.