Sierra Leone: Bahagaritse abakinnyi 4

Umukuru wa Sierra Leone Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Ernest Bai Koroma

Abategetsi bashinzwe umupira w'amaguru muri Sierra Leone bahagaritse by'agateganyo abakinnyi 4 b'umurwi nserukiragihugu wa Sierra Leone baregwa kwakira ruswa kugirango bitsindishe mu mikino.

Umukuru w'umurwi nserukiragihugu, Ibrahim Kargbo ari mu baregwa hamwe n'abasifuzi 3 n'abandi bayobozi 8.

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Sierra Leone ryavuze ko abo bantu 15 bose bakekwa ko bariye ruswa mu mukino wo guhatanira igikombe cy'Afrika cy'ibihugu bakinnye na Africa Yepfo mu 2008.