Ecclestone ntakiburanye

Bernie Ecclestone Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bernie Ecclestone

Sentare mu Budage yahagaritse urubanza uwutunganya isiganwa ry'imiduga Formula 1, Bernie Ecclestone, yaregwamwo ruswa.

Iyo ngingo yafashwe ari uko bwana Ecclestone yemeye gutanga imiriyoni jana z'ama dollar.

Bwana Ecclestone yatanze ayo mahera hifashishijwe ingingo iri mu mategeko y'Ubudage.

Kare uno munsi, abashinjacaha b'Abadage bemeye amahera y'uwo mugabo w'imyaka 83 w'umutunzi buherwe, aganza isiganwa ry'imodoka kw'isi.

Yatanguye kuburanywa mu kwezi kwa kane yagirizwa guha igiturire Umudage akora mw'ibanki c'amahera imiriyoni 33 z'ama euro, kugira akore uko ashoboye ngo ishirahamwe yipfuza rigure imitahe mu F1.

Bwana Ecclestone ariko avuga ko ata kosa na rimwe yigeze akora.

Ingingo y'abacamanza y'uno munsi isigura ko aca yidegemvya akava i Munich, kandi akabandanya gutegeka isiganwa ry'imiduga.

Isigura kandi ko bwana Ecclestone atejejwe canke ngo yagirwe n'icaha.