Suarez yagumijweko igihano c'amezi ane

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Igihe Chiellini yataka ko Suarez amuriye amenyo

Ariko iyo sentare yamurekuriye kuja mu myimenyerezo, mu murwi wiwe mushasha Barcelona.

Ido n'ido ku ngingo y'urubanza rwiwe rizotangazwa mu gihe kiri imbere.

Abamuburanira bavuga ko kubona FIFA yabujije Suarez igikorwa icarico cose kijanye n'umupira w'amaguru kubera kurya amenyo Giorgio Chiellini igihe c'inkino z'igikombe c'isi, ari kurenza urugero.

Uyu mugabo w'imyaka 27 w'umunya Uruguay, yahawe kandi igihano co kutaja mu nkino mpuzamakungu incuro icenda.

Suarez yari umukinyi wa Liverpool igihe yarya amenyo Chiellini, ariko yaciye yimukira muri Barcelona aguzwe miliyoni 75 z'ama Livres Sterlings (£75 000 000).

Barcelona izotangura ikiringo c'amahinganwa ya La Liga, kw'italiki 24 z'uku.