Urwanda rwahagaritswe mu gikombe ca Afrika

U Rwanda rwakuwe mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu video
Image caption U Rwanda rwakuwe mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika

Umugwi utegura ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, ejo kuwa Mungu wakuye igihucu c'u Rwanda muri iryo higanwa.

Iyo ngingo yakurikiye ikirego c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Kongo, rijanye n'umukinyi w'u Rwanda, Birori Dady, bivugwa ko atari yemerewe gukina.

Dady yakinye mu mukino wo kwishura mu nkino zigira kabiri z'amajonjora hagati y'ivyo bihugu bibiri i Pointe-Noir.

Kongo ivuga ko Dady, asanzwe akinira umugwi wa AS Vita Club i Kinshasa, afise amazina hamwe n'imyaka bitandukanye muri passport yiwe.

Itohoza ry'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, Caf, ryihweje impapuri zatanzwe n'amashirahamwe yo mu Rwanda na Kongo hamwe na DRC.

Ryanumvirije kandi ubuhamya bw'uwo mukini itariki 11 z'ukw'umunani ku biro bikuru vya Caf i Cairo.

Amazina n'imyaka bidahuye

Naho u Rwanda rwagumye rwemanga ko kuvyo ruzi umukinyi Dady Birori afise ikimuranga kimwe, amatohoza yerekanye ko yahamagajwe nka Etekiama Agiti Tady, agiye mu mugwi nserukiragihugu w'u Rwanda.

Caf yerekanye kandi ko uwo mukinyi akoresha imyaka itandukanye muri passport yiwe, ngo kandi ko izo mpapuro zose zerekeye umuntu umwe.

Baciye hagarika uwo mukinyi, bamubuza gukinira umugwi wiwe hamwe n'igihugu gushika igihe azomenyeshwa.

U Rwanda, rwatsinze Kongo kuri penaliti mu nkino zibiri kugira rushika mice, rwakuwe mw'ihiganwa.

Kongo niyo ica ibandanya mu muce A wo guhiganirwa itike yo kuja mu gikombe ca Afrika 2015 rizobera muri Maroke.

Isubiriye u Rwanda aho izohura na Nigeria, Sudani na Afrika y'epfo.