UEFA izotohoza ku macakubiri Carlo Tavecchio arerwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Carlo Tavecchio, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Butaliyano

Carlo Tavecchio aregwa ko yavuze amajambo agaragaza ivangura rifatiye ku rukoba mu gihe yariko yimamariza gutorwa.

Bwana Tavecchio, yaramaze gusaba imbabazi ku majambo yavuze ajanye no "kurya imihwi/imineke" yafashwe na benshi n'ivangura rifatiye ku rukoba.

Uko gusaba imbabazi ntikwabujije isekeza rihamagarira abantu kutamutora.