Falcao agiye muri Man United

Radamel Falcao Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Radamel Falcao

Manchester United yagiranye amasezerano n'umunye Colombia akina imbere, Radamel Falcao, yo kuyikinira umwaka umwe ku mahera imiriyoni 6 z'amapound.

Falcao vyari vyavuzwe ko azova muri Monaco yo mu Bufaransa, yagiyemwo ku miriyoni 50 z'amapound mu kwa gatanu 2013.

Yatsinze ibitsindo 11 mu nkino mirongo ibiri za Monaco, akaba amaze gutsinda bitatu mu mahiganwa y'ubu.

Ayo masezerano arimwo umwumvikano w'uko United ishobora kumugura burundu ama euro imiriyoni 55 nyuma y'uwo mwaka akoteshejwe.

Umumenyereza wa United, Louis Van Gaal, co kimwe n'iyindi migwi ikomeye y'i Buraya, yamenyeshejwe ko Falcao ashobora kuboneka mu masaha 48 aheze.