Michael Schumacher yakuwe mu bitaro

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Michael Schumacher yakomeretse mumutwe mu mpera z'umwaka uheze

Michael Schumacher ngo agiye kubandaniriza kuruhuka imuhira.

Bwana Schumacher yari yashizwe mu bitaro amaze gukomereka mu mutwe bikomeye, kubera isanganya yagize ari mu rukino rwa skii mu kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Uwumutunganiriza ibikorwa, Sabine Kehm, yavuze ko amagara yiwe yateye imbere muri iyi minsi iheze, ariko ngo inzira iracari ndende, kandi iminsi iri imbere ntiyoroshe kuri we.

Uwo mukinyi rurangiranwa wa Formula One aturuka mu Budagi, yari mu bitaro vya kaminuza ya Lausanne kuva mu kwezi kwa gatandatu, avanywe Grenoble mu Bufaransa aho yari amaze ayandi mezi atandatu.

Urugo rwiwe ruri ku nkengera z'uruzi Geneva, ku km 40 uvuye ku bitaro vy' i Lausanne.