Manchester United yarahonvye kuri Moyes

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption David Moyes, yatwaye Manchester United

Uwo murwi umenyesha ko inyungu wahora uronka yagabanutse kugeza kuri 84 %, aho baronse hafi miliyoni 45 z'ama dolari.

Manchester United imenyesha kandi ko yiteze kongera guhomba no mu mwaka uza wa 2015, kuko utashoboye kuronka itike yo kuja mu mahiganwa ya Champions League.

Bubaye ubwa mbere Man United idashobora kuja muri aya mahiganwa kuva mu mwaka wa 1994-95.

Uwo murwi uvuga ko Moyes n'abandi bakozi biwe batekerewe miliyoni umunani z'ama dollar igihe birukanywe mu kwezi kwa kane, ataramara n'umwaka mu kazi.