United yirengejwe na Leicester 5-3

United yananiwe kuzibira ugusatira kwa Leicester City Uwufise ububasha kw’isanamu All Sport
Image caption United yananiwe kuzibira ugusatira kwa Leicester City

Leicester City yikuye kuri 3-1 yari yatsinzwe na Manchester United itahukana intsinzi y'agakura mu gihe United yananiwe kuzibira.

United yasa niyizeye intsinzi igihe Robin Van Persie yinjiza n'umutwe, Angel Di Maria akaroba umunyegoli wa Leiceter.

Leonardo Ulloa yinjije ica Leicester ca mbere n'umutwe mwiza, ariko Ander Herrera aza kwinjiza ciza cane n'agatsintsiri, United iguma imbere.

Ariko Leicester yivyukiranije, David Nugent yinjiza kuri penaliti, Esteban Cambiasso ashiramwo ico kunganya, imbere y'uko Jamie Vardy yinjiza na Ulloa yinjiza penaliti y'intsinzi.